Uko wahagera

Adama Barrow wa Gambiya Yagendeye Senegal


Perezida mushasha wa Gambiya Adama Barrow, igihe yar'asubiye mugihugu avuye muri Senegal aho yari yahungiye.
Perezida mushasha wa Gambiya Adama Barrow, igihe yar'asubiye mugihugu avuye muri Senegal aho yari yahungiye.

Perezida w’igihugu ca Gambiya, Adama Barrow, yashitse kur'uyu wa kane mu rugendo mu gihugu ca Senegal, cagize uruhara rukomeye mu kumufasha gushika k’ubutegetsi.

Bitegekanijwe kw’urugendo rwiwe muri Senegal, ruzoshika ku musi wa gatandatu. Nirwo rugendo rwa mbere azoba agize mu mahanga kuva ashikirijwe amabanga ya perezida.

Barrow, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Yamara mu kiringo c’indwi zitandatu, perezida yari ahari ico gihe, Yahya Jammeh, yaranse kwemera ko yatsinzwe mu matora.

Kubera impamvu z’umutekano, Adama Barrow, yahungiye k’umurwa amukuru wa Senegal, Dakar, kw’italiki 15 z’ukwezi kwa mbere. Senegal, n’ibindi bihugu vyo mu burengero bwa Afrika biri mw’ishirahamwe, C-E-D-E-A-O, vyarafashe ingingo zigenewe kubonako Yahya Jammeh, avuye ku butegetsi.

Perezida w’igihugu ca Senegal, Maky Sall, yakiye Adama Barrow, ku kibuga c’indege ku murwa mukuru, Dakar, igihe yashika mu rugendo rwiwe muri Senegal. Bitegekanijwe ko batangira hamwe ikiganiro ku muhingamo w’uno musi ku wa kane mu ngoro ya perezida Sall.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG