Igihugu ca Uganda cakiye hafi y’igice c’Abanyasudani yo mu bumanuko barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu bahungiye mu bihugu bibanyi.
Mu gihe impunzi zihunga intambara, amabi afatiye ku gitsina, gusahura n’ikibazo c’inzara giheruka kwibonekeza bikomeye mu bice bibiri vy’intara ya Unity State. Amashirahamwe y’abagiraneza afise ibibazo vy’ukubura ibifungurwa bihagije mu bice bakirimwemwo mu gihugu ca Uganda.
Charlie Yaxley, umuvuguzi w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho impunzi, HCR muri Uganda, avuga kubera uburyo ari buke, urugero rw’ibifungurwa bitangwa rwagabanijwemwo kubiri mu mwaka uheze ku mpunzi zose zashitse muri Uganda imbere yo hagati mu mwaka w’i 2015.
Mu mwaka uheze akamo katewe k’ugufasha impunzi z’abanyasudani bo mu bumanuko ziri muri Uganda kari kerekeye amadolari imiliyoni amajana abiri na mirongo itanu n’umwe.Yamara habonetse ibice mirongo ine kw’ijana gusa vy’ayo mafaranga. Ivyo biragira ingaruka ku bushobozi bw’amashirahamwe ajejwe gutabara bw’uguha imfashanyo abayikeneye.
Mu gihe impunzi z’abanyasudani yo mu bumanuko zibandanya gushika muri Uganda uko umusi utashe, amashirahamwe ajejwe gutabara ariko ararengerwa mu bikorwa vyayo vy’ugutanga imfashanyo.
Facebook Forum