Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare ba Kenya Bavuga ko Bishe aba Al-Shabab 57


Abasirikare ba Kenya ba AMISOM
Abasirikare ba Kenya ba AMISOM

Abanyagihugu bo mugisagara ca Afmadow mu bumanuko bwa Somaliya baremeza ko habaye ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’abasirikare b’inteko za AMISOM hamwe n’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabaab kur’uyu wa kane mugitondo.

Bavuga ko urwo rugambwa rwatanguye inyuma y’aho inteko za Kenya za AMISOM bafadikanije n’abasirikare ba Somaliya hafi y’igisagara ca Afmadow. Ayo makuru avuga ko indege za drone canke za kajugujugu zakoreshejwe mur’ico gitero.

Abasirikare ba Kenya bemeje ko bishe abarwanyi 57 ba al-Shabaab mur’ico gitero, ariko ayo makuru ntazindi mpande ataho zegamiye zirayemeza.

Hagat’aho, abantu bitwaje ibirwanisho banyuruje abigisha b’abanyakenya bari mw’ikambi y’impunzi ya Dadab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG