Uko wahagera

USA: Minisitiri w'Ubutabera Asabwa Kwegura


Umushikirizamanza mukuru wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Sen. Jeff Sessions.

Abashingamateka bo m'umugambwe w’abademokrate basaba umushikirizamanza mukuru wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Jeff Sessions gutanga imihoho, bamwagiriza kugiranira imibonano na ambasaderi w’Uburusiya muri Amerika m’umwaka uheze.

Sessions yarashigikiye Perezida Donald Trump mu myiyamamazo mu matora y’umukuru w’igihugu kandi yar’umuhanuzi wiwe igihe yari umusenateri.

Inyuma y’aho yemejwe gutwara urwego rw’ubucamanza, Sessions yabajijwe ico yokora mugihe vyogaragara ko har’uwakoranye na Trump yagiraniye imibonano n’Uburusiya. Yishuye ko ataco afise abivugako.

Sessions yagirizwa ko yabonanye na Ambasaderi Sergei Kislyak w'Uburusiya m’ukwezi kwa ndwi mw’ikoraniro kaminuza ry’abarepublikani, yongera abonana nawe ubugira kandi m’ukwezi kw’icenda mu biro vyiwe biri mu ngoro y’inama nshingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG