Uko wahagera

Kenya: Amategeko Mashasha ku Banyamakuru


Amategeko mashasha yasohotse ku bijanye n'itangazamakuru mu matora ategekanijwe kuba muri Kenya

Umuyobozi w’urwego rw’abamenyeshamakuru muri Kenya, Charles Kerich, amenyesha ko amategeko mashasha aheruka gushirwaho na Reta, ku bijanye no gutangaza amakuru mu matora, adashoboka. Kerich avuga ko ubutegetsi bwarengeje urugero.

Ivyo Kerich yabitangaje inyuma y’umunsi umwe abajejwe gutumatumanako amakuru k’urwego rw’igihugu basohoreye amategeko ku bijanye n’amatora. Ayo mategeko avuga ko abamenyeshamakuru bategerezwa kuzobika amajwi n’inzandiko bakoresheje mu matora, mu kiringo c’amezi atandatu, ku bantu no ku bwoko. Kerich akavuga ko gusaba amajwi bafashe ata kibazo kirimwo. Yamara ko ata gituma abamenyeshamakuru bokurikiranwa mu gihe abatumire mu biganiro vyabo baba bakoresheje amajambo yo gucanishamwo.

Icegera c’uwujejwe urwego rw’abamenyeshamakuru, Victor Bwire, we amenyesha ko amategeko yashizweho na Reta yarasanzweho, yamara ko igikenewe ar’ukuyashira mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG