Uko wahagera

Maleziya Yegetse icaha ku Bapfasoni 2 ku Rupfu Rwa Kim Jong Nam


Doan Thi Huong ava mu gihugu ca Vietnam, ari hagati kw'ifoto, umwe mu bagirizwa ku rupfu rwa Kim Jong Nam

Igihugu ca Maleziya cegetse icaha c’ubwicanyi ku bapfasoni babiri uno musi ku wa gatatu bifatiye ku rupfu rwa Kim Jong Nam, avukana ku muvyeyi umwe n’umutegetsi w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Kong Un.

Siti Aisyah wo mu gihugu ca Indoneziya afise imyaka 25 na Doan Thi Huong afise imyaka 28 ava mu gihugu ca Vietnam bari bacunzwe bikomeye n’abajejwe umutekano igihe baseruka muri sentare ku murwa mukuru wa Maleziya, Kuala Lumpur.

Abo bapfasoni uko ari babiri bavuga ko ata caha bakoze.

Hamwe bokwagirwa n’ivyaha bagirizwa, bashobora gucirwa urubanza rw’ugupfa.

Bagirizwa kuba aribo berekanywe ku masanamu ya video bashira ikintu gisa n’impuzu mu maso ya Kim Jong Un, ku kibuga c’indege ca Kuala Lumpur, mu kwezi guheze.

Kim Jong Nam yasandavye iminuta mirongo ibiri inyuma yaho, muvyo abategetsi bavuga ko ari ingaruka z’ubumara bukomeye.

Siti Aisyah, na Doan Thi Huong, bazogaruka muri sentare hagati mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG