Uko wahagera

Tanzaniya: Itegeko Ribuza Kugurisha Inzoga m'Ubumwanya


Umukenyezi ariko agurisha amazi m'ubumwanya

Ingingo y’ukuziririza kugurisha inzoga mu bumwanya bwa plastike izoja mu ngiro muri iyi ndwi mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo vyatangajwe na Reta y’ico gihugu uno musi ku wa gatatu, mu gihe iriko irondera gukingira ibidukikije n’ukurwanya kunywa inzoga ku bakiri bato.

Kugura, gukora, kugurisha n’ukunywa inzoga zikaze ziri mu bumwanya bwa plastike bizoziririzwa kuva kw’italiki zibiri z’ukwezi kwa gatatu. Ivyo bitangazwa n’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe ibidukikije, January Makamba.

Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli, yatangaje iyo ngingo m'umwaka uheze. Ntivyitezwe kw’ingingo y’ukuziririza inzoga zikaze ziri mu bumwanya bwa plastike izoshimisha abadandaza, bamwe muribo bunguka cane mu kugurisha izo nzoga hamwe n’abazinywa bazotegerezwa kuriha amafaranga menshi kurushiriza mu kugura inzoga ziri mu macupa.

Yamara iyo ngingo izokwakirwa neza n’abayobozi b’amadini, abigisha n’abavyeyi b’abana bakiri bato. Inzoga zihishije mu bumwanya bwa plastike zinyobwa cane cane n’abanyeshule.

Ibihugu bitari bike vyo muri Afrika nka Cote d’Ivoire, Senegala, Malawi n’Urwanda, biza vyaraziririje inzoga ziri mu bumwanya bwa plastike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG