Uko wahagera

Aljeriya: Amagara ya Bouteflika Ntiyifashe Neza


Perezida w’igihugu ca Aljeriya, Abdelaziz Bouteflika, yabonetse gake cane ahabona kuva agize ibibazo vyo mu bwonko mu mwaka w’i 2013, azohimbaza imyaka mirongo umunani y’amavuko kur'uyu wa kane. Ivyo ni mu gihe hari amakenga ku vyerekeye amagara yiwe.

Yaragize ibibazo vyo mu mahaha mu kwezi kwa kabiri, mu vyatumye Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, asibisha ku munuta wa nyuma urugendo yategerezwa kugira muri Aljeriya. Ivyo vyarongereje urukurukuru ku vyerekeye kazoza kiwe.

Perezida Buteflika, ntarashikiriza ijambo abanyagihugu ubwiwe kuva mu mwaka w’i 2012. Abatavuga rumwe nawe bavuga ko Aljeriya yacitse igihugu c’ingabo zitagira umutware. Ku banya Aljeriya batari bake, ukudaseruka ahabona kumaze igihe kirekire kwa perezida Boutelfika, vyerekana intwaro idakorera ahabona yiziziwe n’igisirikare.

Abanya Aljeriya batari bake babona kw’igihugu cabo catwawe n’abasirikare kuva cikukiye mu mwaka w’i 1962. Abdelaziz Boutelfika, yarwanye mu rugamba rw’ukwikukira, yavutse kw’italiki zibiri z’ukwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 1937, mu gisagara ca Oujda, mu burengero bwa Algeriya hafi y’urubibe n’igihugu ca Maroc.

Ari k'ubutegetsi kuva mu mwaka w’i 1999. Yarageramiwe n’ibibazo vy’amagara yiwe vyatumye incuro zitari nke amara igihe kirekire yivuza mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG