Uko wahagera

Umutekano Muke Ntiworohereza Itangwa ry'Imfashanyo Muri Sudani y'Epfo


Intambara ibandanya mu ntara ya Unity State muri Sudani yo mu bumanuko yatumye abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza mirongo ibiri n’umunani bakurwa mu bice bibiri bisinzikajwe n’inzara. Umutekano muke urageramiye utwigoro tw’ugutanga imfashanyo mu gihugu.

Ivyo vyatumye ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U risaba gushobora gushikira abanyagihugu bageramiwe bidatevye kandi ata ntambamyi zihabaye. Mu ndwi iheze, ishirahamwe O-N-U na Reta ya Sudani vyatangaje kw’ibice vya Mayendit na Leer mu ntara ya Unity State bisinzikajwe n’inzara.

Mu mpera z’indwi irangiye, umutekano muke muri iyo ntara watumye abakozi bajejwe gutabara mirongo ibiri n’umunani bavanwa mu gice ca Mayendit.

Umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U bijejwe gukwirikirana itangwa ry’imfashanyo muri Sudani yo mu bumanuko, Gemma Connell amenyesha kw’ibintu bibandanya kwifata nabi cane mu ntara ya Unity State. Ngo vyerekana ibibazo ishirahamwe O-N-U rihangana navyo mu karere ka Unity State.

Ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’uruhagarara, ugusahura imfashanyo n’ugutuma abakozi bajejwe gutabara badashika mu bice vya Upper Nile, Jongeli na Equatoria yo hagati vyageramiye ibikorwa vy’ugutanga imfashanyo, kandi ko bigeramiye abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG