Uko wahagera

Umubonano w'Abategetsi ba Amerika n'Ubushinwa


Rex Tillerson, Umushikiranganji wa Departema ya Amerika (i Buryo). Umuhanuzi Yang Jiechi wa Reta y'Ubushinwa (i Bubamfu)

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson yabonanye kur’uyu wa kabiri n’umuhanuzi wa Reta y’Ubushinwa, Yang Jiechi. Abo bategetsi babiri bemeza ko ari vya nkenerwa ko bakomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo, hamwe n’ibiganiro bihuza abategetsi babirongoye.

Tillerson na Yang baganiriye ku bijanye n’ubutunzi hagati y’ivyo bihugu vya rutura, n’ikibazo cerekeye ibigwanisho ruhonyanganda bihingurwa na Koreya ya Ruguru, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wa Departema ya Amerika. Igihugu c’Ubushinwa gisanzwe gicuditse na Koreya ya Ruguru, yamara Amerika itangaza ko itemera ibitero vy’urutavanako vya misile, bikorwa na Koreya ya Ruguru.

Umuhanuzi wa Reta y’Ubushinwa yatumiye Rex Tillerson n’abo bakorana m’ubushikiranganji bw’imigenderanire, kuzogendera Igihugu c’Ubushinwa. Tillerson akaba yasezeranye ko vuba azokora urwo rugendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG