Uko wahagera

Abantu Miliyoni 6 Bibasiwe N'inzara Muri Somaliya


Umwimbu w’ibifungurwa hamwe n’igitigiri c’ibitungwa vyaragabanutse bikomeye muri Somaliya inyuma y’ibihe vyaranzwe n’ukubura kw’imvura mu mwaka uheze

Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Farmajo, yafashe ingingo zikomeye zo mu bihe vy’ivyaduka n’ibiza, mu gihe ico gihugu kiriko gihangana n’ingaruka zikomeye z’uruzuba n’ikibazo c’ibifungurwa.

Ku bw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, inkurikizi z’uruzuba zigeramiye abantu imiliyoni zitandatu n'ibihumbi amajana abiri, n’ukuvuga ibirenga ica kabiri c’abanyagihugu bose muri Somaliya.

Ibintu bimeze nabi kurushiriza mu buraruko bw’igihugu.

Umwimbu w’ibifungurwa hamwe n’igitigiri c’ibitungwa vyaragabanutse bikomeye inyuma y’ibihe vyaranzwe n’ukubura kw’imvura mu mwaka uheze.

Mu ndwi iheze, amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yagabishije ko hasigaye igihe gitoyi cane kugira ibintu ntibiyanzare muri Somaliya.

Mw’ijambo yashikirije ku murwa mukuru, Mogadisho, uno musi ku wa kabiri, mu nama ku vyerekeye kwishura ku nkurikizi z’uruzuba, perezida Mohamed Abdullahi Farmajo, yasavye amakungu kwongereza imfashanyo yihutirwa.

Mu mwaka w’i 2011, inzara yahitanye abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itandatu muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG