Uko wahagera

Trump Arashikiriza Abanyamerika Imigambi Yiwe


A police commando stands guard outside a church during Christmas Mass in Lahore, Pakistan.
A police commando stands guard outside a church during Christmas Mass in Lahore, Pakistan.

Abategetsi bo mu biro kwa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga kw’ijambo rya mbere perezida Donald Trump, aza gushikiriza rizoba rifatiye ku vyerekeye gutorera inyishu ibibazo vy’ukuri vy’Abanyamerika.

Umutegetsi akomeye wa Reta ya perezida Trump, avuga ko Trump, aza kwumvisha Abanyamerika kw’agiye kubafasha mu bibazo vyabo.

Ijambo Trump, aza gushikiriza isaha zitatu zo mw’ijoro, amasaha y’i Washington ryiswe, akizero kamye karanga abanyamerika. Riza kuba ryerekeye ubutunzi n’ugukingira Abanyamerika.

Naho perezida Trump, aza kuvuga kuri politike yo hanze ya Amerika mw’ijambo ryiwe, abategetsi ba Reta yiwe bemenyesha ko batiteze kw’adoma urutoke ku bihugu kanaka.

Bamenyesha ko perezida Trump, aza gutanga insiguro ku ngingo yiwe y’ukuva amu masezerano yerekeye uruja n’uruza mu vy’ubudandaji ata ntambamyi mu karere kose ka Pasifike, bita mu mpfunyapfunyo, TPP.

Muri rusangi, ijambo ryiwe rizoba ryerekeye kazoza ka Amerika karangwa n’umwizero.

Umuvugizi wa perezida Trump, Sean Spicer amenyesha kw’aza kuvuga cane ku kibazo c’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG