Uko wahagera

USA: Trump Arashikiriza Ijambo rya Mbere Abasenateri


Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika mu migambwe y’abarepublikani n’abademokrate bavuga ko Perezida Donald Trump akwiye gushimikira kuvyo Amerika yiyemeje gukorera amakungu mw’ijambo ryiwe ryambere ashikiriza kur'uyu wa kabiri Kongre y’Amerika.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika muri sena y’Amerika, Michael Bowman atangaza ko mugihe vyinshi mubizoba bigize ijambo ryiwe vyerekaye politike yiwe yo mugihugu hagati, abashingamateka bipfuza ko Trump avuga kubijanye na politike yiwe mpuzamakungu.

Senateri John Thune wo mu mugambwe w’abarepublikane avuga ko vyitezwe ko Trump avuga cane kuvyo agiye guhindura cane cane mubijanye n’amagara y’abantu. Ariko yavuze ko n’ibijanye n’amakungu bikwiye gushikirizwa.

Na senateri Chris Van Hollen wo m’umugambwe w’abademokrate aremeranya nawe. Avuga ko Trump akwiye gutomora ko Amerika ihagarariye agateka ka muntu kw’isi, kandi ko azoshigikira ibihugu bicuditse n’Amerika, ko atazocudika n’Uburusiya.

Ijambo rya Trump rije inyuma y’umusi umwe ibiro vya White House bishikirije integuro y'ugusubiramwo amafaranga reta ikoresha mukwongereza amafaranga akoreshwa mu gisirikare c’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG