Uko wahagera

RDC: Hoba Har'umugambi wo Kuburizamwo Amatora


Donatien Nshole, umuvugizi w'inama nkuru y'abepiskopi muri Kongo

Inama nkuru y’abepiskopi ba Ekleziya Katolika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yatangaje ko ifise amakenga yuko ubwicanyi buriko buraba mu ntara zitandukanye mugihugu bushobora kuburizamwo itunganwa ry’amatora y’umukuru w’igihugu mu mpera z’umwaka w’2017.

Ivyo vyashikirijwe na padiri Donatien Nshole, umuvugizi w’inama nkuru y’abepiskopi ba Ekleziya katolika muri Kongo kur’uyu wa mbere. Avuga ko ar’amayeri yoba ariko arakoreshwa n’abo atashimye kudomako urutoke bipfuza gukoresha akajagari mugihugu kugira igihugu cinjire mubihe bitorohereza amatora.

Ikindi ashikiriza nuko kuv’aho Étienne Tshisekedi yari akomeye mubatabugarumwe na reta asandabiye muntango z’ukwezi kwa kabiri, ibiganiro vyo gushira mungiro reta mfatakibanza izoshikana igihugu mu matora vyaciye biba nk’ibihagaze bivanye n’impari zaciye zaduka mubanyepolitike zo kurwanira ibibanza.

Ekleziya katolika isaba perezida Joseph Kabila gukora uko ashoboye kugira ashire mingiro ivyavuye mu masezerano. Abatavugarumwe n’ubutegetsi nabo basabwa kudashiraho inzitizi izarizo zose kugira igihugu gishike ku mahoro arama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG