Uko wahagera

Amazu ya Kijambere Arafasha Kwirinda Malariya


Abana bageramiwe na malariya mu mihana ya Walikale muri Republika iharanira demokarasi ya Congo

Kuba mu mazu meza kurushiriza bishobora gufasha kwirinda imibu mu gihe utundi twigoro twose dushobora kuba twarananiwe. Ivyo vyavuye mu bushakashatsi bushasha bwagizwe.

Mu gihe abanyafrika bariko batera baheba inzu za nyakatsi, abahinga babona ko hari akaryo ku bahinga mu vy’ukwubaka amazu n’ibisagara k'ukwifatanya n’abandi mu rugamba rw’ukurwanya imibu. Imisegetera n’imiti y’ukwica imibu vyarafashije cane mu rugamba rw’ukurwanya imibu. Yamara utwo twigoro ntidukwiriye. Abantu barenga ibihumbi amajana ane barahitanywe na malariya mu mwaka w’i 2015, benshi muribo abana baba mu karere ka Afrika, ku bw’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, O-M-S.

Imibu itera inanirana mu miti.

Yamara abashakashatsi babona kw’ibintu biriko bitera bihunduka mu karere ka Afrika.

Mu gihe inzu za nyakatsi zitera zisubirirwa n’inzu za kijambere, hari akaryo k’ukwirinda malaria mu gihe imibu itaronka henshi ica kugira yinjire muri ayo mazu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG