Uko wahagera

ONU: Uburenganzira Bwa Kiremwamuntu Burageramiwe


Shar sotuvchi bolakay. Kobul, Afg'oniston. 
Shar sotuvchi bolakay. Kobul, Afg'oniston. 

Umutegetsis mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe mpuzanakungu, O-N-U, Zeid Ra’ad al-Hussein, yaragabishije kw’amahoro n’umutekano kw’isi bifatiye ku burenganzira ngenderwako bw’ikiremwa muntu bigeramiwe n’abanyapolitike bashira imbere inyungu zabo gusa.

Ra’ad al-Hussein, yabwiye abaserukiye abandi bari mu nama y’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe agateka ka muntu ko vyinshi mu vyashitsweko ku vyerekeye gustimbataza umutekano kw’isi kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye bigeramiwe n’abanyepolitike babwira abanyagihugu ivyo bashaka kwumva mu kubanyegeza ukuri.

Zeid Ra’ad al Hussein, avuga kw’amahoro arama mu bice bitari bike vyo kw’isi n’iterambere ryo mu kiringo c’imyaka mirongo irindwi irangiye bitegerezwa gufatira kw’iyubahirizwa ry’uburenganzira ngenderwako bw’ikiremwa muntu nkuko biri mu masezerano y’ishirahamwe O-N-U n’amasezeranso mpuzamakungu ku bijanye n’agateka ka muntu.

Umutegetsis mukuru w’ishirahamwe O-N-U ku bijanye n’agateka ka muntu, aragabsiha kw’amakungu ashobora gutakaza vyinshi mu kwumviriza abanyepolitike bahonyanga agateka ka muntu canke bagabisha kuva mu masezerano n’amashirahamwe mpuzamakungu vyubahiriza agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG