Uko wahagera

Inteko za Iraki Zafashe Ikiraro Gikomeye


Ingwano mu gisagara ca Mosul yarononye cane iranasenyura ibiraro vyose.

Inteko z’igihugu ca Iraki zafashe ikiraro gikomeye mu gisagara ca Mosul. Ni mu gihe ziriko zitera intambwe mu gikorwa cazo c’ugutuza abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu mu gice co mu burengero bw’igisagara ca Mosul.

Abategetsi batangaza kw’inteko zishigikiye Reta ya Iraki zafashe ikiraro gikomeye ku ruzi Tigre. Ingwano mu gisagara ca Mosul yarononye cane iranasenyura ibiraro vyose.

Mu gihe ugutana mu mitwe kuriko kwiyongera mu gisagara ca Mosul, hari impungenge ku basivile baba muri ico gisagara.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ritangaza kw’abanyagihugu mu karere ka Mosul bafise ikibazo gikomeye c’ibifungurwa, ibitoro n’imiti.

Benshi mu basivile bahungiye mu burengero bw’igisagara ca Mosul bavuye mu gice co mu buserudko bw’ico gisagara. Inteko za Reta ya Iraki zafashe ico gice inyuma y’ugutana mu mitwe kwamaze amezi atatu.

Muri ikco gihe, amashirahamwe y’abagairaneza ariko yitegurira gushobora kwakira abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na amirongo itanu bashobora guhunga igisagara ca Mosul mu misi canke indwi ziri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG