Uko wahagera

Ahmadinejad Yandikiye Urwandiko Trump


Mahmoud Ahmadinejad yahoze atwara Irani

Uwahoze ari perezida wa Irani, Mahmud Ahmadinejad yarandikiye Perezida w’Amerika Donald Trump urwandiko asigura ko politike hamwe n’amatora y’Amerika birangwamwo ibiturire.

Urwo rwete rwasohowe kur’uyu w’Imana ruranegura n’itegeko Trump yafashe rikumira ivy’agateganyo abimukira bava mubihugu indwi bigwiriyemwo abayisilamu birimwo na Irani kwinjira muri Amerika. Avuga ko Amerika ar’igihugu cegukira isi yose.

Ahmadinejad aranegura kandi inyifato y’Amerika yo gutegeka ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ukwivanga mubibera kw’isi, avuga ko arivyo ntandaro y’umutekano muke urangwa kw’isi, intambara, ugucanamwo, ubwicanyi hamwe n’uguhunga kw’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG