Uko wahagera

Reta ya Kisilamu Yateye Abasirikare ba Turukiya


Muri Siriya habaye igitero kigira kabiri, kur’uyu wa gatanu, hafi y’igisagara ca al-Bab, inyuma y’umunsi umwe igisirikare ca Turukiya n’abagwanyi basanzwe bakorana, batangaje ko bigaruriye uruhande runini rw’ico gisagara. Igisagara ca al-Bab gisanzwe ar’igisagara umuhari wa Reta ya Kisilamu wigaruriye, ni kimwe mu bisagara bikomeye uwo muhari ufisemwo abagwanyi benshi.

Ibinyamakuru bikorera mur’ako karere, hamwe n’abategetsi ba Turukiya batangaje ko abantu bashika kuri mirongo itandatu na batanu baguye mur’ico gitero, abenshi bikavugwa ko bar’abanyagihugu. Igitero ca mbere cabaye kur’uyu wa gatanu, ku kirindiro c’abajejwe umutekano, basanzwe batavuga rumwe n’ubutetsi. Igitero ca kabiri cabaye mu gihe abanyagihugu bariko baregeranya abasize ubuzima mu gitero ca mbere.

Umuhari wa Reta ya Kisilamu watangaje ko ariwo wakoze ivyo bitero. Uwo muhari ukavuga ko wishe abasirikare umunani, n’abagwanyi mirongo itandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG