Uko wahagera

Amerika mu Myiteguro yo Kuzitira Imbibe


Umupaka wa Amerika na Mexique

Reta ya Amerika itegekanya gutangura igikorwa co guha uburenganzira amashirahamwe ashoboye kwubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique mu kwezi kwa kane. Ni mu ntumbero yo gushitsa kimwe muvyasezeranywe na Prezida Donald Trump. Ibiro bijejwe gucungera imbibe z’igihugu ca Amerika bimenyesha ko bizotangura kwakira impapuro zabahiganirwa iryo soko mu ndwi buca itangura, bikazohitamwo abarusha abandi itariki ya mirongo ibiri z’ukwezi kuza kwa gatatu.

Prezida Trump yatangarije mu nama y’abanyepolitike, kur’uyu wa gatanu, ko uwo mugambi ugeze kure. Yahumurije abari mur’iyo nama ko ata nkeka, urwo ruhome ruzokwubakwa. Prezida Trump yatangaje ko urwo ruhome ruzotwara amafaranga angana n’imiliyaridi cumi na zibiri z’amadolari. Yamara icegeranyo casohowe n’ibiro bijejwe umutekano, kivuga ko urwo ruhome rushobora gutwara amafaranga angana n’imiliyaridi mirongo ibiri n'imwe n'ibice bitandantu z’amadolari.

Prezida Trump yamye ashikiriza umugambi wo kwubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique, mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’abimukira batagira ivya ngombwa, n’urudandaza rw’ibiyayuramutwe. Prezida Trum yatangaje ko igihugu ca Mexique kizofasha mur’uwo mugambi. Yamara abategetsi ba Mexique bariyamirije akatari gake ko ata ruhara bafise mur’uwo mugambi. Ivyatumye imigenderanire y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri itosekara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG