Uko wahagera

USA: Ibiro vya Perezida Vyanebaguwe n'Itangazamakuru


Umushikirannganji ajejwew gutangaza amakuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Sean Spicer

Ibiro vya perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyanebaguwe bikomeye ku musi wa gatanu, inyuma yuko ibinyamakuru, amaradiyo n’amateleviziyo bitari bike bikumiwe mu kiganiro c’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Sean Spicer n'abamenyeshamakuru.

Ibinyamakuru, amaradiyo n’amateleviziyo vyanebaguye perezida Donald Trump, harimwo televiziyo, CNN, n’ikinyamakuru, The New York Times, biri mu binyamakuru, radiyo na televiziyo bitemerewe gukwirikirana ico kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Bimwe mu binyamakuru, tradiyo na televiziyo bibonwa ako bivuga neza Trump, harimwo, ibinyamakuru, Breibart News, Washinton Times na televiziyo, One America News Network vyemerewe muri ico kiganiro.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batangaza amakuru yerekeye perezida, biyamirije ingingo yafashwe n’ibiro vya perezida.

Reta ya perezida Trump yaza yarabaguwe ko igerageza kunumya ibinyamakuru, amaradiyo na televiziyo bimwe bimwe.

Mu butumwa bwiwe ku rubuga Twitter, mu ndwi iheze, perezida Trump yashize, ikinyamakuru, The New York Times, na televiziyo, NBC, ABC, CBS na CNN ku rutonde rw’abansi b’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG