Uko wahagera

Abashingamateka 5 b'Abarundi Ntibazokwitaba Inama i Kigali


Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afurika y’ubuseruko babwiye uwutwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda mu ntango z’ukwezi kwa 3 kuza.

Abo bashingamateka bavuga kw’ umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’u Burundi n’u Rwanda itifashe neza. Ivyo biri mw’ikete ryanditswe mu kwezi kwa mbere guheze, ariko ryagiye kuja ahabona mur’ iyindwi.

Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Uburuseruko, bamenyesheje ko batazokwitaba inama itegekanijwe kuzobera i Kigali mu Rwanda, mu kwezi kuza kwa gatatu.

Abo bashingamateka batanu n’abo mu mugambwe uri kubutegetsi. N’umufasoni Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie, aheruka kuja gusubirira umufasoni Afsa Mosi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.

Mw’ikete bandikiye umukuru w’inama nshingamateka ya EALA, basigura ko kubera icuka kibi n’imigenderanire itifashe neza hagati y’Uburundi n’u Rwanda, bumva umutekano wabo utoba wubahirijwe kuva italike 5 kugeza ku wa 17 ukwezi kwa gatatu I Kigali mu Rwanda.

Kw ’italike 18 ukwezi kwa mbere, abo bashingamateka banse kuzohonyora ku butaka bw’u Rwanda, barahuye n’uwutwara inama nshingamateka yabo Daniel Kidega, baramusigurira amaso mu yandi ico kibazo n’amakenga yabo.

Igihugu c’Uburundi giserukiwe n’abashingamateka 9. Kiretse abo batanu bavuze ko batazokwitabira ibikorwa bizobera mu Rwanda, abandi 4 babwiye Ijwi ry’Amerika kw’ ata kizobabuza kwitabira ivyo bikorwa, ukuri kwamye.

Uwo twavuganye atashimye kw’amazina yiwe amenyekana, yavuze ati:’’ Twebwe duserukira Uburundi. Ariko tumaze gushika ngaha ntituba tugiserukira inyungu z’Uburundi gusa, ahubwo duserukira umuryango wose wa Afrika y’ubuseruko. Nico gituma twebwe ata cotubuza kuja mur’ivyo bikorwa, aho vyobera hose.

Abo bane basigaye bemeza ko bazokwitaba iyo nama izobera mu Rwanda ni Jeremie Ngendakumana yarungitswe n’umugambwe CNDD-FDD imbere yuko uwo mugambwe yigeze gutwara umwirukana mu mwaka w’2015; Yves Nsabimana yarungitswe n’umugambwe FRODEBU Nyakuri hamwe na Martin Nduwimana na Frederic Ngenzebuhoro, barungitswe nA UPRONA.

Aba bose inama nshingamateka y’Uburundi yari yasavye mu mwaka w’2015 ko bokwirukanwa bagasubirizwa, batararangiza ikiringo cabo. Bagirijwe ko bari mu biyamirije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Ico bikoze, mu ntango z’umwaka uheze w’2016, umukuru w’inama nshingamateka y’Afrika y’ubuseruko EALA yandikiye inama nshingamateka y’Uburundi asigura ko abo bashingamateka badashobora kwitukanwa. Daniel Kidega yavuze ko ivyo u Burundi bwasavye biteye kubiri n’amategeko y’uwo muryango.

Kuva ico gihe, ntibarabwa ryiza n’ubutegetsi bw’I Bujumbura. Umwe muribo mbere yabwiye Ijwi ry’Amerika ko niyo umukuru w’umugwi w’abashingamateka b’abarundi ashatse kubagirisha inama, abo 4 bisanga bakumiriwe kuko batabimenyeshwa. Ariko kuriwe n’ibisanzwe kuko ataco vyica mu kazi kabo ka minsi yose. Umwe muribo mbere atwara igisata c’ubutunzi muriyo nama nshingamateka y’Afrika y’ubuseruko.

Ibiro vy’inama nshingamateka ntaco vyashimye kubivugako. Gusa uwujejwe kumenyeshamakuru yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iryo kete ryakiriwe kandi ryabitswe.

Ingingo ya 12 y’amategeko ngerwako y’inama nshingamateka ya EALA ivuga ko iyo buri gihugu kiri muri uwo muryango giserukiwe n’imiburi buri n’abashingamateka 3 bikwiye kugira inama nshingamateka ikorane, mugihe kandi igice c’abashingamateka bose ukwari 45 ariho bari.

Aha niho babiri mubashingamateka bazokwitaba ivyo bikorwa bizobera I Kigali mu Rwanda bafatiye mu kuvuga ko atakizobuza ko Uburundi buserukirwa kandi ko naho biruko n’ingingo zizofatwa zizoba zega n’u Burundi.

Si irya mbere haba intumwa z’Uburundi zanka kwitabira ibikorwa bibera mu Rwanda. Mu mwaka uheze mu kwezi kw’7 mu nama y’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, intumwa za Leta y’Uburundi zarakuye akarenge mu nama itararangira. Izo ntumwa nazo nyene zasiguye ko zitashe kubera zibaza kw’umutekano wazo wohava ubangamirwa.

Umubano hagati y’ibi bihugu bibiri watanguye gutosekara kuva mu mwaka w’2015, hadutse imvururu mu Burundi. Ici gihugu caagiriza u Rwanda ko rubitse abashatse gutembagaza ubutegetsi.U Rwanda narwo rukavyamirira kure. Vyunyuwe kandi nuko u Rwanda rwakiriye impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 80.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG