Uko wahagera

Iraki: Abasirikare Barabadanya Kwigarurira Uburengero bwa Mosul


Abasirikare ba Iraki begereza uburengero bwa Mosul, Iraki, 2,24, 2017.
Abasirikare ba Iraki begereza uburengero bwa Mosul, Iraki, 2,24, 2017.

Abategetsi b’igisirikare c’igihugu ca Iraki bavuga kw’inteko zifashijwe na Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zagize intambwe ikomeye mu gice co mu burengero bw’igisagara ca Mosul. Ivyo vyatangajwe inyuma y’aho izo nteko zigize ibitero bitari bike vy’ugusubira kwigarurira ico gisagara.

Ivyo bibaye kandi umusi umwe inyuma y’aho inteko zijejwe kurwanya iterabwoba zisubiye gufata ikibuga c’indege co mu gisagara ca Mosul, cari mu minwe ya Reta ya Kiyislamu kuva mu mwaka w’i 2014. Gufata ikibuga c’indege co mu gisagara ca Mosul, bizotuma inteko za Reta ya Iraki zishobora kwinjira mur’ ico gisagara, zivuye mu bumanuko bushira uburengero.

Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu batujijwe mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Mosul mu kwezi kwa mbere. Yamara baracafise ibice vyo mu burengero bw’igisagara ca Mosul. Inteko za Reta ya Iraki zatanguye ibitero vy’ugusubira kwigarurira uburengero bwa Mosul ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG