Uko wahagera

Gambiya: Abajejwe Iperereza Bafashwe


Abanyagihugu ba Gambiya bigina intsinzi ya Prezida Adama Barrow

Ubutegetsi muri Gambiya bwafashe uwahoze arongoye ikigo kijejwe iperereza, yagirizwa ko yahohoteye agateka ka zina muntu ku ntwaro ya Yahya Jammeh, yahora arongoye Gambiya. Yankuba Bagjie yafatanywe n’abandi bakozi bashika k’umunani, bakoreye mur’ico kigo. Yamara nta vyinshi vyashikirijwe kur’iryo fatwa. Abo bafashwe babaye aba mbere kuva Prezida Barrow atanguye amabanga yo kurongora igihugu.

Yahya Jammeh yahora arongoye Gambiya yari yagiye k’ubutegetsi mu mwaka w’1994. Inyuma y’aho yaratunganije ikigo kijejwe iperereza caranzwe no kwica hamwe no guhohotera ubuzima bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Prezida Barrow yaratangaje ko hagiye kuzoshirwaho umugwi ujejwe ukuri no gukora amatohoza kw’ihohoterwa ryakozwe ku ntwaro ya Jammeh, hamwe no kurekura abanyororo bapfungiwe ivya politike.

Icegeranyo casohowe na Reta mur’iyi ndwi kivuga ko Jammeh yasize ubutunzi bugeze habi, kandi ko yanyuruje amafaranga yaragenewe guhemba abakozi bakorera mu kigo kijejwe ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, amafaranga arenga imiliyoni zitanu z’amadolari. Yahya Jammeh yagirizwa kandi ko yagiye yivye amafaranga aharugwa muma miliyoni y’amadolari, agasiga ikigega ca Reta cera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG