Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko Irazibira Abatanga Imfashanyo


Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata
Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Umuyobozi b’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U muri Sudani yo mu bumanuko, David Shearer, avuga ko Reta y’ico gihugu itegereza gufata ingingo zotuma amashirahamwe y’abagira neza ahsobora gushikira abanyagihugu basinzikajwe n’inzara.

Ku musi wa mbere, amashirahamwe ajejwe gutabara inbabare y’ishirahamwe O-N-U, yatangaje bkw’inzara igeramiye intara zibiri zo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko. Umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe O-N-U muri Sudani yo mu bumanuko, David Shearer, avuga ko Reta ibandanya kuzibira amashirahamwe ajejwe gutabara mu gutebesha inzandiko ziyarekurira gutanga imfashanyo.

Vyongeye avuga kw’abasirikare bashizeho amabariyere menshi mu bice bigeramiwe n’inzara.

Shearer, atangaza ko mu misi mikeyi irangiye yategerejwe wenyene ubwiwe kuvugira abakozi b’ibiro ayoboye bariko bagerageza gushika mu bice aho abantu bariko bicwa n’ikigoyi.

Asaba kw’izo nzitizi zogabanuka, kugira bigirire akamaro Reta ya Sudani yo mu bumanuko n’ishirahamwe O-N-U.

XS
SM
MD
LG