Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Kuvavanura na CPI Biteye Impari


Umukuru w'igihugu ca Afurika y'Epfo Jacob Zuma yisigura imbere y'inama nshingamateka
Umukuru w'igihugu ca Afurika y'Epfo Jacob Zuma yisigura imbere y'inama nshingamateka

Sentare mu gihugu ca Afurika y’epfo yafashe ingingo kur’uyu musi wa gatatu ivuga kw’umugambi wa reta w’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha uciye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Iyo sentare yafashe iyo ngingo kubera inama nshingamateka itagishijwe inama imbere yuko reta itangaza ko igiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Iyo sentare yasavye reta gufuta urwandiko yasohoye rwerekeye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Igihugu ca Afurika y’epfo catangaje ko gifise imigambi y’ukuva muri iyo sentare mu mwaka uheze. Ivyo vyakwirikiye urugendo rwavyuye ibibazo perezida wa Sudani, Omar al-Bashir, yagize muri ico gihugu mu mwaka w’i 2015.

Perezida Bashir, araronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Reta ya Afurika y’epfo yatangaje kw’inyuma yuko ifuse urwandiko rwayo rw’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, itegeko rishasha ry’ukuva muri iyo sentare rizoshikirizwa inama nshingamateka.

XS
SM
MD
LG