Uko wahagera

Somaliya: Umukuru w'Igihugu Mushasha Yarahiye


Umukuru w'igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed, k'umusi wiwe wo kurahira, i Mogadishu, Somaliya Feb. 22, 2017.
Umukuru w'igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed, k'umusi wiwe wo kurahira, i Mogadishu, Somaliya Feb. 22, 2017.

Perezida mushasha wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, yarahiye icese mu mabanga yiwe uno musi ku wa gatatu. Mu birori vy’ukurahira yemeye gutangura igikorwa c’ukugarukana umutekano muri ico gihugu casinzikajwe n’ingwano. Yamara yagabishije kw’ico gikorwa kizofata imyaka itari mike.

Perezida, Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi kwizina rya, “Framajo” yarahiriye ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Ibiriro vy’ukurahira kwiwe vyarorerewe n’abakuru b’ibihugu bitatu vyo mu karere n’abaserukira ibihugu vyabo batari bake harimwo ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Somaliya, Stephen Schwartz.

Farmajo yasavye abanyasomaliya kumufasha kugarukana umutekano mu gihugu. Yatangaje kw’ibibazo Somaliya ifise bimaze igihe kirenga imyaka mirongo ibiri, ko gutorera inyishu ivyo bibazo bishobora kuzofata ikindi kiringo kirenga imyaka mirongo ibiri

Gatoyi inyuma yuko ashikirije ijambo, Ubwongereza bwemeye gutanga imiliyoni ijana na mirongo ibiri n’itanu y’amadolari azofasha kuronsa abanyagihugu bagera ku muliyoni ibufungurwa mu buryo bwihuta.

Ibirori vy’ukurahira kwa perezida, Mohamed Abdullahi Mohamed, vyabereye ku kubuga c’indege mpuzamakungu kirinzwe n’inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afrika ku murwa amukuru, Mogadisho.

XS
SM
MD
LG