Uko wahagera

USA: Itegeko Rishasha ku Bimukira


U.S. Immigration and Customs Enforcement officers detain a suspect as they conduct a targeted enforcement operation in Los Angeles, Feb. 7, 2017.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwasohoye inzandiko zibiri nshasha zivuga kw’itegeko rya Prezida Donald Trump kubijanye n’abimukira batemewe n’amategeko. Inzandiko zasohowe kur’uyu wa kabiri, n’Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, John Kelly, zivuga k’urutonde rw’abimukira bategerezwa kwirukanwa k’ubutaka bwa Amerika.

Abakozi bo mu biro bijejwe kwakira impunzi n’abimukira bafise kandi uburenganzira bwo gushira mu ngiro ayo mategeko yose. Ayo mategeko ntafata abimukira bashitse muri Amerika ar’abana, basanzwe bakingiwe n’itegeko ryashizweho n’uwahora ayoboye Amerika, Prezida Barack Obama. Abo nabo baharugwa mu bihumbi amajana indwi na mirongo itanu.

Abaharanira agateka ka zina muntu bamenyesha ko imigambi mishasha ya Reta irongowe na Prezida Trump ihohotera imiryango y’abimukira baharugwa muma miliyoni, bari hirya no hino muri Amerika. Ayo mategeko aje asubirira iryari ryasohowe na Prezida Trump ku bihugu vy’aba isilamu, amategeko yari yahagaritswe n’amwe muma sentare y’Igihugu.

XS
SM
MD
LG