Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko yatangaje, kur’uyu wa kabiri, ko hagiye kuboneka inzira yo gucishamwo imfashanyo y’imfungurwa ku banyaguhugu bugarijwe n’inzara, m’uturere tuvugwamwo intambara. N’inyuma y’aho Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ritangarije ko inzara iri mur’ico gihugu yunyuwe n’ingwano iri hagati ya Reta n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho.
Abantu baharugwa mu bihumbi ijana barasinzikajwe n’inzara kuva izo ntambara zitanguye mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, abagore n’abana bavugwa kw’aribo babangamiwe kurusha abandi. N’aho Prezida Kiir yatangaje ko hagiye kuboneka inzira yo gucishamwo iyo mfashanyo, uwujejwe gutunganya ibikorwa vy’imfashanyo, Eugene Owusu amenyesha ko abakozi bo mu mashirahamwe y’abagiraneza, batinya kuja mur’utwo turere turimwo intambara.
Prezida Kiir yatangaje kandi ko Reta arongoye iriko iriyungunganya kugira ifashe abarimyi bariko baragerageza kugwanya inzara. Ni mu gihe abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza bavuga ko abanyagihgu bababa imiliyoni zitanu bashobora kubangamigwa n’inzara bivuye k’uruzuba hamwe n’amafaranga abandanya guta agaciro.