Uko wahagera

Amerika Irabandanya Ubucuti n'Ubulayi


Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri O-N-U, Nikki Haley
Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri O-N-U, Nikki Haley

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakxungu O-N-U, Nikki Haley, yatangaje ku musi wa kabiri ko Amerika yiyemeje ku vyerekeye gukorana n’ibihugu bicuditse vy’i Bulaya. Ivyo naho hashobora kuba ukutumvikana rimwe na rimwe.Yatangaje kw’ukwiyemeza kwa Amerika ku vyerekeye akarere k’i Bulaya gukomeye cane mw’ijambo yashikirije mu rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi.

Nikki Haley, yongeye avuga kw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, ari urunani rukomeye cane mu mateka. Yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zikora kugira zitume iryo shirahamwe rikora neza kurushiriza.

Ivyatangajwe na Ambasaderi Haley, bisa n’ivyatangajwe n’icegera ca perezida, Mike Pence, ku musi wa mbere. Yabwiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-T-A-N, Jens Stoltenberg, ko Amerika yiyemeje ku bihugu bicuditse bigize ishirahamwe O-T-A-N.

XS
SM
MD
LG