Uko wahagera

Ibitero Ku Bimukira Muri Afurika y'Epfo


Umwuka mubi ukomeye uribonekeza ku murwa mukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Pretoria. Ivyo ni mu gihe hariko haba bitero bitari bike mu bibanza abimukira bagiriramwo imirimo y’ubudandaji.

Bamwe mu baba ku murwa mukuru, Pretoria, bagiriza abimukira ko bakwiragiza ubugizi bwa nabi.

Umurwi w’ababa ku murwa mukuru bariko bategura kugira imyiyerekano y’ukwiyamiriza abimukira ku musi wa gatanu.

Mu misi ya vuba ibitero ku bimukira vyaragizwe mu bice bitari bike bikenye vyo mu gisagara ca Pretoria. Vyibukije ibitero bikomeye vyagizwe ku bimukira mu bisagara vya Johannesburg na Durban mu mwaka w’i 2015.

Igipolisi catangaje kw’imangazini n’inzu mirongo ibiri vyasahuwe vyongera biraturirwa, abanyamahanga baraterwa ku musi wa mbere.

Ibiro vya perezida wa Afrika y’epfo, vyabwiye Ijwi rya Amerika, ko perezida Jacob Zuma, ataco aravuga ku mugaragaro kuri ivyo bitero ku banyamahanga.

Abimuikira bavuye mu bice bitandukanye vyo muri Afrika baraje mu gihugu ca Afrika y’epfo kurondera ubuzima bwiza kurushiriza.

Rusansuma ya nyuma yerekanye kw’abimukira imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri baba muri Afrika y’epfo.

Bimwe mu biharuro vyatohojwe bitangaza kw’abo bimukira bagera ku miliyoni zitanu.

XS
SM
MD
LG