Uko wahagera

USA: H.R. McMaster Azaba Umuhanuzi wa Perezida mu Mutekano


Liyetena Jenerali H.R. McMaster
Liyetena Jenerali H.R. McMaster

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagenye ku musi wa mbere Liyetena Jenerali H.R. McMaster, kuba umuhanuzi wiwe ku bibazo vyerekeye umutekano. McMaster yamaze ubuzima bwiwe bwose mu gisirikare ca Amerika.

Perezida Trump yavuzez ko McMaster muri iki gihe afise imyaka 54 ari umuntu afise ubuhinga bukomeye cane.

McMaster azosubirira Michael Flynn perezida Trump yirukanye haheze indwi imwe inyuma yuko amaze imisi 24 gusa mu mabanga yiwe.

McMaster n’umusirikare yaronse imidali myinshi mu gisirikare.Yajejwe amabanga akomeye cane mu gisirikare mu kiringo c’imyaka 25 irangiye.

XS
SM
MD
LG