Uko wahagera

Burundi: Alice Nzomukunda Yatahutse


Alice Nzomukunda
Alice Nzomukunda

Abanyepolitike batatu barimwo Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu baratahutse mu Burundi inyuma y'igihe kitari gito bari bamaze hanze y'igihugu.

Iruhande ya Alice Nzomukunda hari Mathias Basabose na Joseph Ntidendereza. Bose uko ari batatu bahora bajejwe amabanga mu runani CNARED ruhurikiyemwo abagwanya ubutegetsi.

Abo banyepolitike bashitse ku kibuga c’indege mpuzamahanga ca Bujumbura nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota 45 z’umugoroba tariki ya 20 y'ukwezi kwa kabiri 2017. Bazananye n’abandi banyepolitike bari bitavye ibiganiro vyabereye i Arusha kuva kuwa kane gushika kuw’Imana w’indwi iheze.

Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’umugambwe ADR yabwiye abamenyeshamakuru ko yishimiye kugaruka imuuhira.

Ariko rero umuhuza w’abarundi asanga aba banyepolitike vy’ukuri bari barahunze. Edouard Nduwimana ahamagarira Abarundi bo mu mice itandukanye kubakira neza no kuborohereza mu bikorwa vyabo vya politike.

Aba banyepolitike batatu batahutse kuri uyu wa mbere baje biyongera kuri Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi nawe nyene aherutse gutaha mu gihugu mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’i 2016 inyuma y’umwaka urenga yaramze mu mahanga.

Alice Nzomukunda yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu atahutse inyuma yaho afutiwe co kimwe n’umugambwe atwara ADR mu runani CNARED ruhukiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza i Bujumbura ni we atugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:21 0:00

XS
SM
MD
LG