Uko wahagera

Ikibazo c'Ibifungurwa muri Sudani Yo Mu Bumanuko


Inzara yiyongeye ku zindi ngorane mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko. Ivyo bitangazwa n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho abana, UNICEF, ishami rya O-N-U rijejwe ibifungurwa n’uburimyi, F-A-O n’ishami rya O-N-U rijejwe ibifungurwa kw’isi, P-A-M.

Ayo mashirahamwe atangaza kw’intambara, ugusenyuka kw’ubutunzi, ibiciro biri hajuru vy’ibifungurwa n’umwimbu muke w’ibifungurwa arivyo vyatumye haba ikibazo c’ibifungurwa mu gihugu.

Inzara mu bice bibiri mu bumanuko bw’igihugu bigeramiye abantu barenga ibihumbi ijana. Ico kibazo gishobora gukwiragira no mu bindi bice vy’igihugu.

Challiss McDonald, umuvugizi w’ishirahamwe P-A-M mu karere ko muri Afirika yo mu buseruko, avuga ko kubera intambara muri Sudani yo mu buseruko, bitoroshe ku bakozi bajejwe gutabara gushobora gushika mu bice abanyagihugu basinzikajwe n’inzara.

Umuliyoni w’abantu babonwako bagaramiwe n’inzara muri Sudani yo mu bumanuko.

Ku bw’ibiharuro vyashizwe ahabona na Reta ya Sudani yo mu bumanuko hamwe n’ishirahamwe O-N-U, Abanyasudani yo mu bumanuko bagera ku miliyoni zitanu barageramiwe bikomeye n’ikibazo c’ukubura kw’ibifungurwa.

Igisata c’uburimyi gisanzwe kidateye imbere muri Sudani yo mu bumanuko.

Kuva intambara isubiye kwaduka muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2013, abantu ibihumbi n’ibihumbi barapfuye.

XS
SM
MD
LG