Uko wahagera

Agahengwe Mu Buseruko Bwa Ukraine


Amasezerano y’uguhagarika ingwano mu buseruko bwa Ukraine, hagati ya Reta ya Ukraine n’abayirwanya bashigikiwe n’Uburusiya yagiye mu bikorwa kuri uno wa mbere.

Abategetsi b’igihugu ca Ukraine yamara baragabisha kw’ayo masezerano ashobora gusambuka.

Hisunzwe ayo masezerano yatangajwe mu gisagara ca Munich n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, impande zose zitezwe kwubahiriza amasezerano amaze imyaka ibiri yateweko igikumu mu gisagara ca Minsk.

Yamara amasaha makeyi imbere yuko abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Ukraine, Uburusiya, Ubufaransa n ‘Ubudagi batangaza agahengwe ka nyuma, umuyobozi w’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine yaragabishije kugira ibitero.

Abitegereza ibintu bavuga ko bisa nuko agahenwe kagiye mu bikorwa uno musi ku wa mbere kazorama. Ivyo kubera ibibazo vyatumye haba intambara mu buseruko bwa Ukraine bitaratorerwa inyishu.

Abategetssi b’igihugu ca Ukraine nabo nyene barafise amazinda.

Bavuga ko agahengwe kagiye mu ngiro kazoba nk’akashitsweko incuro zine imbere yaho, yamara kataramye.

XS
SM
MD
LG