Uko wahagera

Somaliya: Bombe Yaturikiye mw'Isoko Yahitanye Abashika 30


Umudandaza ariko arondera ikibanza ciwe ahari ibisigarira inyuma ya bombe yaturitse mw'isoko i Mogadishu muri Somaliya, italiki 19/2/2017.

Abategetsi ba Somaliya batangaza ko abantu bashika 30 bapfuye abandi barenga cumi barakomereka inyuma y’aho bombe yar’itezwe mu modoka iturikiye mw’isoko k’umurwa mukuru Mogadishu ku muhingamo wo kur’uyu w’Imana itariki 19 z'ukwezi kwa kabiri 2017.

Iyo bombe yaturikiye mw’isoko y’ahitwa Kawo-Goday muri distrikite ya Wada-jir. Abategetsi bajejwe umutekano muri Somaliya ndetse n’abar’aho igihe vyaba bavuga ko abahitanwe n’ico gitero bagizwe n’abasivile, abadandaza hamwe n’abasirikare ba reta.

Gushik’ubu nta n’umwe ariyitirira ico gitero, ariko abategetsi batunga urutoke abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab.

XS
SM
MD
LG