Uko wahagera

USA-RDC: Amerika Itewe Amakenga n'Ubwicanyi muri Kongo


John Kirby avugira ubushikiranganji bw'Amerika n'ayandi makungu
John Kirby avugira ubushikiranganji bw'Amerika n'ayandi makungu

Reta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko ihagaritswe umutima n’amasanamu ya videwo yerekanywe agaragaza abasirikare ba Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo bica abasivile, barimwo abakenyezi n’abana.

Mw’itangazo ryasohotse kuw’Imana italiki 19 z'ukwezi kwa kabiri 2017, Amerika ivuga ko mugihe ubwo bwicanyi bwogaragara, kwoba ar’uguhohotera ikiremwa muntu kwo k’urugero rukomeye kandi bishobora kujana igihugu mubwicanyi n’umutekano muke.

Amerika isaba reta ya Kongo gutanguza vuba bwango amatohoza ifadikanije n’amashirahamwe mpuzamakungu, kugira abagize ubwo bwicanyi bagaragare kandi bahanwe.

XS
SM
MD
LG