Uko wahagera

Somaliya: ONU Iragabisha Ikiza c'Inzara


Umwana akitswe n'indwara zo kudafungura mu kigo co kwitaho abana ca Unicef, muri Somaliya
Umwana akitswe n'indwara zo kudafungura mu kigo co kwitaho abana ca Unicef, muri Somaliya

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU riragabisha ko abana ibihumbi n’ibihumbi basinzikwanjwe n’ugufungura nabi uyu mwaka, muri Somaliya. Abashika ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu barakeneye imfashanyo yihuta. ONU imenyesha ko hakenewe kwongererezwa imfashanyo kugira ishobore gutabara abanyagihugu muri Somaliya.

Uturere twa Bay na Bakool, m’ubuseruko, hamwe na Sool na Sanaag m’uburaruko bwa Somaliya nitwo tubangamiwe cane nk’uko bivugwa n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza. Ayo mashirahamwe avuga ko inzara mur’utwo turere iriko itera icika ikiza.

Inyuma y’urugendo yakoze mur’utwo turere, Steven Lauwerier, aserukira Unicef muri Somaliya, yatangaje ko yiboneye ibitungwa amajana vyapfuye. Lauwerier avuga kandi ko mirongo icenda kw’ijana y’ibirimwa vyononekaye biturutse ku mvura itaguye neza. Avuga kandi ko atagikozwe igitigiri c’abapfa, bagizwe cane cane n’abagore hamwe n’abana kizokwiyongera.

Amashirahamwe ya Unicef na PAM asaba amafaranga arenga imiliyoni amajana ane na mirongo itanu z’amadolari kugira ashobore gukinga ikiza c’inzara aho muri Somaliya, mu mezi ar’imbere.

XS
SM
MD
LG