Uko wahagera

USA: Abatagira Ivyangombwa Bazokwirukanwa


Abimukukira baturuka muri Honduras na El Salvador
Abimukukira baturuka muri Honduras na El Salvador

Abashingamateka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko umwe mu bategetsi bakorera mu biro bijejwe kwakira impunzi n’abimukira, Thomas Homan, yababwiye ko hafi abimukira bose batagira ivyangombwa bazofatwa kandi bakirukanwa k’ubutaka bwa Amerika. Ivyo Homan yabishikirije m’umubonano yagiranye n’abashingamateka b’aba Demokrate bashika kuri cumi, kur’uyu wa kane. Ni mu gihe abandi bari basabwe gukinjura.

Prezida Donald Trump yaratanze itegeko, mu ndwi ya mbere atanguye amabanga yiwe, rivuga ku bijanye n’abimukira muri rusangi. Prezida Trump yatangaje ko abantu benshi binjira muri Amerika bidaciye mu mategeko, n’abarenza ikiringo c’impapuro zabo z’ingendo babangamiye bikomeye umutekano wa Amerika.

Abashingamateka babonanye kur’uyu wa kane bamenyesha ko abimukira bashika ku majana atandatu na mirongo umunani n'abatandatu bafashwe mu ndwi iheze, abashika kw'ijana na mirongo ibiri muribo ata caha kibagira. Linda Sanchez, Umushingamateka w’umu Demokrate muri Reta ya Californie avuga ko Ibiro bijejwe kwakira impunzi n’abimukira vyatangaje ko uyu mwaka abatari bake muribo bazokwirukanwa k’ubutaka bwa Amerika.

XS
SM
MD
LG