Uko wahagera

Burundi: Reta Ntizitaba Ibiganiro I Arusha


Ibiganiro vy'Abarundi
Ibiganiro vy'Abarundi

Reta y’Uburundi itangaza ko itazorungika intumwa mu biganiro bihuza abarundi bitegekanijwe kur’uyu wa gatanu italiki 16 z’ukwezi kwa kabiri umwaka w’2017 I Arusha muri Tanzaniya.

Mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi wa reta, kur’uyu wa kane, italiki 15 z’ukwezi kwa kabiri umwaka w’2017, Uburundi bumenyesha ko bwaronse ubutumire ariko ko budashobora kwicarana n’abafise ivyo bagirizwa muvyabereye m’Uburundi.

Mubo Uburundi budomako urutoke harimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 kandi basanzwe bafise imitahe mpuzamakungu.

Reta y’Uburundi ivuga kandi ko idashimishwa n’itumirwa mur’ivyo biganiro rya Jamar Benomar intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagirizwa kuba intambamyi y’amahoro.

Reta isigura ko ata kuntu Benomar yotumirwa kandi yasavye ko asubirizwa. Ikindi Uburundi bumenyesha, urutonde rw’abatumiwe rufite utunenge.

Muri iryo tangazo, reta yemeza ko ishigikiye ibiganiro, ariko ko ataguharira ivomo ingeso yo kudahana ivyaha, kandi ko ubwigenge bw’Uburundi bukwiye kwubahirizwa.

Reta itera akamo Abarundi bahungiye hanze y’igihugu gutahuka gufasha kwubaka igihugu cabo.

XS
SM
MD
LG