Uko wahagera

USA: Trump Aridogera Abajejwe Iperereza n'Ibinyamakuru


Perezida wa reta zunze Ubumwe z'Amerika Donald Trump
Perezida wa reta zunze Ubumwe z'Amerika Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump, yasubiye kwiyamiriza uno musi ku wa gatatu amakuru avuga ku migenderanire hagati yiwe n’igihugu c’Uburusiya.

Yagirije abajejwe iperereza ku vyerekeye kuba bahaye amakuru y’ibanga abajejwe itangazamakuru.

Mu vyo yashikirije ku rubuga Twitter, perezida Trump yavuze kw’inzandiko nshasha zivuga ku migenderanire hagati yiwe, abamufashije mu gikorwa c’ukwiyamamaza, umuhanuzi wiwe ku bibazo vyerekeye umutekano, Michael Flynn, yakuwe mu mabanga yiwe n’abategetsi b’Uburusiya zari zigenewe kugeramira intsinzi yiwe mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Perezida Trump amaze igihe kiri musi y’ukwezi mu mabanga yiwe, yavuze kw’ivyo ari akigoro k’ukunyegeza amakosa atari make yakozwe mu gikorwa c’ukwiyamaza c’uwo bahiganwa Hillary Clinton ataco cashitseko.

Perezida Trump yagirije abajejwe iperereza kuba aribo bahaye amakuru y’ibanga ibinyamakuru, Washington Post, na New York Times mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Uburusiya bwariyamirije inkuru yatangajwe n’ikinyamakuru, New York Times, ivuga kw’abari mu gikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump n’abandi bakorana bavuganye n’abategetsi bakomeye bajejwe iperereza b’Uburusiya imbere y’amatora ya perezida muri Amerika yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’2016.

XS
SM
MD
LG