Uko wahagera

Amerika Iriyemeza Kubandanya Ishigikira OTAN


James Mattis, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Amerika.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, James Mattis, yarondeye uno musi ku wa gatatu guhumuriza ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, ku mpungenge rifise ku bijanye n’ukwiyemeza kw'Amerika ku mutekano w’akarere k’Ubulayi.

Mattis, avuga kw’ishirahamwe OTAN, ari inkingi y’imigenderanire hagati y'Amerika n’ibihugu bicuditse vyo mu karere k’Ubulayi.

Ivyo yabitangaje igihe yabonana ubwa mbere na begenziwe b’ryo ishirahamwe, i Bruxelles, ku murwa mukuru w’Ububiligi.

Ibihugu binywanyi vya OTAN, bibona inama y’i Bruxelles, nk’ugusubira kwiyemeza kw’Amerika ku bijanye n’umutekano w’akarere k’Ubulayi.

Ivyo inyuma yuko perezida w’Amerika, Donald Trump, avyuye ibibazo ku kamaro k'iryo shirahamwe.

Kuva atanguye amabanga yiwe y’ukuyobora Amerika kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere 2017, Donald Trump, yaragabanije ibinebaguro vyiwe ku vyerekeye OTAN. Ivyo naho yabandanije kunebagura bimwe mu bihugu bigize iryo shirahamwe kubera bidatanga intererano y’amafaranga ihagije muri iryo shirahamwe.

XS
SM
MD
LG