Uko wahagera

RDC: Abarenga Ijana Baraguye mu Mishamirano


Abasirikare ba Reta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo
Abasirikare ba Reta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Abantu barenga ijana baraguye mu mishamirano yabaye Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, hagati y’abasirikare ba Reta n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho. Iyo mishamirano yabereye mu ntara ya Kasayi yo hagati, mu matariki ya cenda na cumi na zitatu z’uku kwezi kwa kabiri.

Icuka kibi cari gisanzwe hagati y’izo mpande ukwari zibiri, cagiye kwunyuka inyuma y’aho abasirikare biciye umutegetsi w’uyo mugwi, mu kwezi kw’umunani, mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu.

Liz Throssell, umuvugizi w’igisata kijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, amenyesha ko uwo mugwi waciye utangura gukora ibitero ku nzego za Reta. Throssell yatangaje ko abenshi mu bagwanyi b’uwo mugwi bagizwe n’abana.

Throssell amenyesha kandi ko kw’itariki ya cenda mur’uku kwezi kwa kabiri, habaye igitero mu kaguriro kari mur’iyo ntara, abagore bashika kuri mirongo itatu n'icenda barahasiga ubuzima. Ibiro bijejwe agateka ka zina muntu muri ONU bimenyesha ko vyegeranije amakuru k’ububisha bwakozwe n’imigwi igwana, kuva mu kwezi kw’umunani, mu mwaka uheze, kandi ko bitewe amakenga n’igitigiri c’abapfa gitera ciyongera, bigasaba ko haba amatohoza k'ubwicanyi bumaze iminsi bukorwa n’impande zigwana.

XS
SM
MD
LG