Uko wahagera

USA: Gen. Flynn, Umuhanuzi wa Trump Yatanze Imihoho


General Michael Flynn
General Michael Flynn

Umuhanuzi wa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyerekeye umutekano, Michael Flynn yatanze imihoho. Ni inyuma y’amakuru yatangaje ko yabeshe abategetsi ba reta ku migenderanire yiwe n’Uburusiya.

Mw’ikete ry’ugutanga imihoho, Gen. Flynn yatangaje ko yahaye amakuru atuzuye icegera ca perezida, Mike Pence hamwe n’abandi ku biganiro yagiranye kuri telefoni na Ambasaderi w’Uburusiya muri Amerika.

Amakuru yasohotse mu binyamakuru, The Washington Post, na New York Times, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye yatangaje ko Flynn yaganiye na ambasaderi w’Uburusiya ku bihano reta ya obama yafatiye Uburusiya.

Ivyo naho Reta ya Perezida Trump yahakanye kw’ivyo biganiro bitari vyerekeye ico kibazo.

Abasenateri batari bake b’Abademokarate basavye itohoza kuri Flynn, mu gihe abandi basavye Trump kumwirukana mu mabanga ajejwe.

Ikinyamakuru, The Washington Post catangaje kw’ibiganiro kuri telefoni hagati ya Michael Flynn na Ambasaderi w’Uburusiya, Sergey Kislyak, vyabaye mu gihe reta ya Perezida Obama yariko itegekanya gufatira ibihano Uburusiya.

XS
SM
MD
LG