Uko wahagera

Pakistani: Abashika 13 Barishwe n'Umwiyahuzi


Igipolisi ca Pakistani catangaje ko umwihevyi yiturikijeko bombe ari mu bantu bari mu myiyerekano mu buseruko bw’igisagara ca Lahore, yica abashika 13 abandi 85 barakomereka.

Abategetsi babiri b’igipolisi bari mur’abo bapfuye. Abatabara bamenyesha ko bafise ubwoba ko ibitigiri vy’abahasize ubuzima bishobora kwiyongera.

Iyo myiyerekano yari yatunganijwe n’abakora mu bisata vy'imiti n’amafaramasi bariko biyamiriza ingingo zishasha zahinduwe mur’ico gisata.

Ababonye igihe vyaba bavuga abo bapolisi bapfuye bariko barumvikana n’abateguye iyo myiyerekano.

Iyo bombe iturikijwe inyuma y’iyindi yatezwe mw’ibarabara yahitanye abasirikare batatu ba Pakistani ku rubibe na Afghanistan.

XS
SM
MD
LG