Uko wahagera

Inama Idasanzwe ya ONU Kuri Koreya ya Ruguru


Umutegetsi mukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, yararoreye igeregezwa ry’iyo misile balistike

Inyuma yuko Koreya ya ruguru igerageje misile balaistike bitegekanijwe kw’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi rugirisha inama yihutirwa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubuyapani na Koreya y'Epfo nivyo vyasavye iyo nama itegekanijwe kuba ku muhingamo w’uno musi.

Koreya ya Ruguru yagerageje misile balaistike mu gitondo co ku musi w’Imana.

Abategetsi ba Koreya y’Epfo batangaza kw’iyo misile yagiye hafi y’ibilometero 300 imbere yuko igwa mw’ibahaari hafi y’Ubuyapani.

Koreya ya Ruguru yarerekanye akamwemwe kw’igeragezwa ry’iyo misile ivuga ko ari ikirwanisho gishasha gikomeye.

Umutegetsi mukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, yararoreye igeregezwa ry’iyo misile balistike.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Geng Shuang, yatangaje kw’Ubushinwa budashigikiye ingingo ya Koreya ya Ruguru.

Yavuze ko biciye kubiri n’ingingo z’urwego rwa O-N-U, rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya nabwo nyene bwerekanye amakenga uno musi ku ngingo ya Koreya ya Ruguru y’ukugerageza misile balistike.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapanai, Shinzo Abe, yavuze kw’atawokwihanganira ingingo ya Koreya ya Ruguru.

XS
SM
MD
LG