Uko wahagera

ONU: Ibitero vy'Amerika Vyoba Vyarishe Abasivile muri Afuganistani


Ishirahamwe mpuzamakunngu ONU ryatangaje kuw’imana italiki 12 z'ukwezi kwa kabiri 2017 ko ibitero vy’indege za Reta zunze ubumwe z’Amerika vyabaye mundwi iheze mu bumanuko bwa Afghanistani bishobora kuba vyahitanye abasivile bashika 18.

Abakozi ba ONU basanzwe bari muri Afghanistani bavuga ko ivyo bitero vyagabwe ku birindiro vy’abarwanyi b’Abatalibani k’umusi wa kane n’uwa gatanu mu karere ka Sangin, kari mu ntara ya Helmand.

K’umusi wa gatanu w’indwi iheze, umuvugizi w’igisirikare c’Amerika yaremeje ko Amerika yagavye ivyo bitero, kandi ko Amerika yari yiteze ko hoba har’abasivile bahasize ubuzima.

Ico gitero cabaye mugihe Abatalibani bari bateye ako karere mundwi zibiri ziheze ndetse barigarurira ibice n’uturere tw’aho I Sangin.

XS
SM
MD
LG