Uko wahagera

USA: Abimukira 160 Batemewe n'Amategeko Barafashwe


Igipolisi ca Amerika mu gikorwa co gufata abimukira batemewe n'amategeko
Igipolisi ca Amerika mu gikorwa co gufata abimukira batemewe n'amategeko

Abategetsi mu gisata c’abimukira hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika barahagaritse abimukira baharugwa mu majana batemewe n’amategeko mu mihingo itandukanye y’Igihugu.

Abo bategetsi bamenyesha ko iryo hagarikwa ataho rihuriye n’itegeko riheruka gusohorwa n’Umukuru w’Igihugu, Donald Trump.

Ikinyamakuru The Washington, catangaje ko abafashwe ar’abantu basanganywe ivyaha bibagira, kandi ko ar’igikorwa gisanzwe kirangurwa mu mirimo ya minsi yose.

Mur’iyi ndwi iryo hagarikwa ryakozwe muma Reta atandatu, harimwo n’ibisagara nka Atlanta, Chicago, New York na Los Angeles, aho abantu bashika kw’ijana na mirongo itandatu bafashwe n’igipolisi.

Mu kwezi guheze kwa mbere, Prezida Trump yarasohoye urwandiko ruvuga ko hari abantu bashika ku miliyoni cumi n'imwe z’abimukira baba k’ubutaka bwa Amerika batabifitiye uburenganzira.

Prezida Trump yaratanze kandi uburenganzira bwo gutahukana abimukira bose batabifitiye uburenganzira, bafise ivyaha bibagira, co kimwe n’abafise ivyaha bito canke batagira icaha na kimwe.

XS
SM
MD
LG