Uko wahagera

Amerika Yahakanye Igenwa rya Fayyad muri ONU


Salam Fayyad, yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere wa Palestina
Salam Fayyad, yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere wa Palestina

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahakanye kwemeza igenwa rya Salam Fayyad, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Palestina, mu kibanza c’uwuyobora igisata kijejwe ivya politike muri ONU. Ni mu gihe Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yari yarungikiye urwandiko inama y’umutekano ayimenyesha ko ategekanya kugena Fayyad mur’ico kibanza.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU nawe yaciye asohora itangazo rimenyesha ko Amerika itanezerejwe na gato n’ico ciyumviro. Halley yatangaje ko ONU yamye ihengamiye k’uruhande rwa Palestina, yamara ko ubu Amerika igiye guhaguruka m’ugushigikira Israyeli basanzwe bacuditse.

Stephane Dujarric, umuvugizi w’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, amenyesha ko iryo genwa ryisunze ubuhinga n’ubumenyi bwa Fayyad. Dujarric avuga kandi ko ata genwa na rimwe mu bibanza bikomakomeye riratumbera abanyisrayeli canke abanyapalestina.

Mwomenya ko Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Israyeli ategekanya kugendera Amerika kur’uyu wa gatatu. Uwo munsi, ONU ikazoba yaramutse ikorana mu nama yayo iba rimwe mu kwezi, ku bibazo vyo karere k’abarabu.

XS
SM
MD
LG