Uko wahagera

Umushikiranji wa Mbere w'Ubuyapani muri Amerika


Prezida Donald Trump yakira Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Ubumwe za Amerika yatangaje ko imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubuyapani ikomeye cane, kandi ko ar’urufatiro rw’amahoro mu karere ka Aziya y’Ubuseruko. Ivyo Prezida Trump yabishikirije mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, ari m’urugendo rw’iminsi ibiri hano muri Amerika.

Abe yatangaje ko muvyo ategekanya kuganira na Prezida Trump harimwo gupfundika amasezerano mashasha ku bijanye n’ubutunzi hamwe n’urudandaza hagati ya Amerika n’ibihugu bihurira kw’ibahari pasifike. Ni mugihe Prezida Trump yari yatangaje ko imigenderanire yose y’urudandaza itegerezwa kungana hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Abe avuga kandi ko Ubuyapani bwari bufise amakenga menshi kuvyari vyaratangajwe na Prezida Trump. Ivyo ngo nibijanye n’uko Amerika izosokora mu masezerano y’urudandanza hagati y’ibihugu biri kw’ibahari pasifike. Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani yatangaje ko yizeye ko hagiye gushingwa umugambi wo kuduza ubutunzi hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mwomenya ko umubonano wa Prezida Trump na Shinzo Abe ubaye uwa kabiri Prezida Trump akoze kuva atanguye amabanga y’Umukuru w’Igihugu, inyuma y’Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, yari yagendeye Amerika mu ndwi yahera.

XS
SM
MD
LG